Baciye bavuga n’agashinyaguro n’akantu bati: “Niyibe na kera mukuru wiwe1 yarigeze kwiba”. Yusufu ariyumya ku vyo yumvise maze ararimira ntiyiserura, kuko yari azi ko bavuze ikinyoma cambaye ubusa, maze aca yibwira ku mutima ati: “Mwebwe ni mwe bantu babi aho muri hose, burya Imana Allah, ni Yo Izi gusumba ikinyoma mu vyo mwigana”.