Igihe bagera muri Misiri, binjiye baciye mu miryango itandukanye nk’uko se wabo yari yabategetse. N’aho ivyo vyose ata co vyari kubamarira ngo bihindure ivyagezwe n’Imana Allah kuri bo, ariko kubabwira ivyo vyose, vyatumye ikiri ku mutima wa Yakubu cururuka. Mu vy’ukuri, Yakubu yari afise ubumenyi buhambaye ku vyo Twebwe Allah Twamwigishije mw’idini ryiwe, ariko abenshi mu bantu ntibazi iherezo ry’ivyo bakora.