Se wabo abishura ati: “Nobizera gute ko mwocungera Biniyamini, mu gihe nigeze kubizera kuri mwenewabo Yusufu mukanyemeza ko muzomucungera, hanyuma ntimwabikora! Mwebwe rero sindabizeye namba, ariko ndizeye Imana Allah ko Imucungera kuko ni Yo Mwiza w’ababungabunzi, ni na Yo Nyenimpuhwe kuruta abanyampuhwe bose”.