Bamaze gushika kwa se wabo, baramwiganiye ido n’ido uko vyabagendeye, baraheza bamubwira bati: “Dawe wacu! Ariko rero, umutware ngo ntazosubira kudutekerera nitwaramuka dusubiyeyo tutajanye na murumuna wacu Biniyamini. Kubera ivyo rero, uramuturungikana, gutyo batugerere imfungurwa zikwiye, hanyuma na twe mu vy’ukuri, turiyemeje kuzomucungera”.