Baje bafise ikanzu yiwe, iriko n’amaraso y’ikinyoma, kuko nya kanzu ata ho yari yigeze inatabuka. Yakubu yabishuye ati: “Ihibambewe! Si nk’uko mubivuga, ahubwo umutima-nama wanyu wabaryohereje gukorera ikibi Yusufu. Kubera ivyo rero, mbandanya nihangana kuko ata we ndiko ndaganyira mu biremwa ku vyabaye, nifashishije Imana Allah mu kwihanganira ivyo muvuze”.