Ko amaze kukwibaruka yogushira mw’isandugu, maze agaterera nya sandugu mu ruzi rwa Nili, nya ruzi rugaheza rukaguta ku nkengera zarwo, kugira umwansi wanje akaba n’umwansi wawe Firawuni agutore. Twaranaguhaye igikundiro maze ukundwa n’abantu, kugira urererwe aho Tugushinze amaso Tukubungabunge1”.