Ntumwa y’Imana! Ibutsa abo warungitsweko umusi Twebwe Allah Twabwiye Jahannamu Duti: “Mbega wuzuye!”; Jahannamu na yo ikishura iti: “Hoba hariho inyongera mu bantu no mu Majini ngo mumpe!”, Imana Allah Ice Iyishiramwo ikirenge cayo, maze na yo ubwo nyene ice icureha ivuga iti: “Geza aho nakwiwe, nakwiwe, namaze kwuzura, nta n’inyongera nkeneye”.