Mu vy’ukuri, abahakanye bivuye inyuma ko Allah ari Yo Mana y’ukuri Ikwiye gusengwa Itabangikanywa, bakanaburagiza abantu kwinjira mw’idini ryayo, hanyuma bagapfa bakirangwa n’iyo ngeso y’ubugarariji, Imana Allah ntizobagumiriza akabanga ku vyaha vyabo, ahubwo Izobahana Inabatetereze mw’ishengero ry’ibiremwa.