Muvugishwamana! Iyo Twebwe Allah Dushaka, ni ukuri Twari kukwereka indyarya, maze ukazimenyera ku bimenyetso vyazo biziranga, ni ukuri uzozimenyera ku mvugo iziranga. Burya Imana Allah, Irazi neza ibikorwa vyanyu, abayumvira n’abagabitanya, umwumwe wese Izomuhemba indishi ikwiranye n’ivyo yakoze.