Ko bumvira Imana Allah bakanavuga ijambo ryiza ry’ukuri. Iyo rero ubutigu bugeze, Imana Allah Igategeka guhangana ku rugamba, indyarya ntizishimishwa na gato n’iyo ngingo. Iyo zirangwa n’ukuri mu kwemera no mu bikorwa, vyari kuba vyiza kuri zo gusumba ukugabitanya.