Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, ibigirwamana vyabaye imvo yo guhuba kwa benshi mu bantu inzira y’ukuri. Kubera ivyo rero, uwuzonkurikira muri bo akemera, azoba akurikiye idini ry'ubwislamu n’imigenzo vyanje; nayo uwuzogabitanya ku kutanyumvira mu bitari ibangikanyamana, mu vy’ukuri ni Wewe uri Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bawe;