Bazoheza bavuge bakura ubwatsi bati: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Yo Yaduhaye isezerano ryayo ry’ukuri twashikirijwe n’Intumwa zayo, Iraheza Irarishitsa, Ituraga isi y’Ubwami bw’ijuru, aho twishira tukizana aho hose dushaka muri Bwo. Iyo rero, ni yo ndishi y’abagwaneza mw’igamburukiramana”.