Abagararije Imana Allah n’Intumwa zayo, bazoshorerwa gusunurirwa mu muriro wa Jahannamu bari mu migwimigwi; bagize ngo barawushikiriye, abamalayika bawucungera bace babugururira imiryango yawo indwi, maze bababwire n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega ntuze! Ntimwashikiriwe n’Intumwa zirungitswe muri mwebwe nyene, zibasomera Aayah z’Imana yanyu Rurema Allah, zikanabagabisha ku bihano muzohura na vyo kuri uno musi?”. Bace bishura bemanga bati: “Ego cane! Zaradushikiriye, ziranadushikiriza ubutumwa bw’Imana Allah, ariko rero twamaze kwagirwa n’ijambo ry’Imana Allah, aho Yasezeraniye ibihano abagarariji”.