Isi rero izoheza iboneshwe n’umuco w’Imana yayo Rurema Allah, igihe Yigaragaje mu gutunganiriza ibiremwa, maze abamalayika bace bugurura igitabu c’umwumwe wese muri vyo; Abavugishwamana na bo hamwe n’ivyabona vyagiriza umugwi wose w’abantu, baheze barengutswe kugira bagirize umugwi umwumwe w’abantu; maze Imana Allah Ibacire urugororotse vy’ukuri, eka ntibazorenganywa namba.