Iyo rero havuzwe Imana Allah Yonyene, imitima y’abatemera ko hari ubuzima bw’inyuma yo gupfa, irashishwa n’ishavu n’akantu ikajugumira. Iyo havuzwe ibigirwamana naho, akamwemwe kakabasya, kuko havuzwe ikijanye n’ivyipfuzo vyabo; maze imitima yabo ikaremurukirwa.