Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani vy’ukuri, kugira ibere uburongozi ibiremwa mu bantu no mu Majini. Uwuzotumbera rero inzira igororotse akagendera n’inyigisho zayo, ni we nyene bizogirira akamaro; uwuzohuba iyo nzira na we akaba intumva, ni we nyene bizogirira inkurikizi mbi; kira noneho, wewe nturi umuhagarikizi abazwa ku vyo bakoze, ujejwe gusa kubashikiriza ubutumwa.