Muri izo ndyarya rero, harimwo uwugusaba uburenganzira bwo kutaja ku rugamba, maze akavuga ati: “Ntungerageze ku vyo ntokwihanganira mu guhura n’abakenyezi mu nzira!”. Bantu mwumve mwumvireho! Indyarya zaramaze kugwa mw’igeragezwa rihambaye ry’uburyarya. Mu vy’ukuri, umuriro wa Jahannamu urakikuje abagarariji, nta wuzocaruka;