Abagarariji rero, igihe Imana Allah Yabahanye ku musi w’izuka, ntibazoronka n’umwe mu bahagarikizi yobakingira ibihano vyayo. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamuhubisha inzira kubera ubutumva bwiwe, ntazoronka inzira kw’isi imushikana ku kuri, nkeswe rero iyomushikana mu Bwami bw’ijuru.