Abagararije bavuga babwira Umuvugishwamana Muhamadi bati: “Ntiwarungitswe n’Imana Allah”. Ntumwa y’Imana! Bishure uvuge uti: “Imana Allah Irakwiye kuba Icabona c’uko ndi Intumwa, n’uko na mwe muri abahakanyi. N’abanyemeye mu bayahudi no mu banaswara bahawe ubumenyi bw’Igitabu, hanyuma ntibabunyegeza, na bo nyene barakwiye kuba ivyabona ko ndi Intumwa y’Imana”.