Ni na Yo Yaguye umubumbe w’isi kugira mushobore kuwubako, Iwuremako n’imisozi iwushigikiye nk’imambo, n’inzuzi mwikorako. No mu vyamwa vy’ubwoko bwose Yaremye amoko abirabiri; ivyera n’ivyirabura, ibisosa n’ibikata, Ituma n’ijoro rihwikira umurango bukijima. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu biyumvira, bakikebuka.