Abakorera inteba ishushe abakenyezi babo mu kubagiriza icaha c’ubusambanyi, ata n’ivyabona bindi vy’intungane bafise vyagiriza abo bakenyezi nya caha, kiretse bo bonyene ubwabo, umwe wese muri bo ategerezwa kwemanga imbere y’ubutungane mu kurahira incuro zine avuga ati: “Ndarahiye ngira Imana Allah Icabona canje, ko mvugisha ukuri ku caha c’ubusambanyi nagiriza umukenyezi wanje”;