Ntumwa y’Imana! Indyarya zararahiye zirarengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko uramutse uzitegetse kuja ku rugamba, ko zitegerezwa kurujako. Zibwire uti: “Ntimukarahire ku ruhendo kuko iyumviramana ryanyu ni iry’akarimi gasosa gusa. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora vyose”.