Nayo abemeramana koko, bararikiwe mu gihe co gukemura amatati yabo kwisunga Igitabu c’Imana Allah n’ingingo y’Intumwa yayo, baraheza bakagamburuka, maze bakavuga bati: “Twumvise ingingo twahawe kandi twumviye n’uwayidushikirije”. Abo, ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.