Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukinjire mu mazu atari ayanyu mutabanje kudodora mukanaramutsa bene yo muti: “Nimugire amahoro y’Imana Allah, mbega twinjire?”. Ukwo kudodora rero, ni vyo vyiza kuri mwebwe ku kugira mwibuke mwongere mwubahirize amabwirizwa y’Imana Allah.