Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nihashimagizwe Imana Allah, nihasangwe amahoro n’umutekano bivuye kuri Yo, abaja bayo Yatoye kuba Intumwa”, uheze ubaze ababangikanyamana uti: “Mbega burya Imana Allah Ishoboye kugira ico Ibamariye n’ico Ibiciye, si Yo Nziza Ikwiye gusengwa, canke ni ibigirwamana muyibangikanya kandi ata co vyimariye, ata n’ico vyiyiciye, nkeswe kugira ico bibamariye n’ico bibatwaye!”.