Ntimukagire rero indahiro zanyu mwarahiye hagati yanyu uruhendo, kuko mwohava muhungabana maze mugahona inyuma y’aho mwari mutekanye; mukaba nk’umuntu yanyereye agatemba nk’amazi inyuma y’aho yari ahagaze bwuma, mukanahonja n’ibihano vyo kw’isi kuko mwabaye imvo yo kuburagiza abantu kwinjira mu bwislamu1, muranategekanirijwe ibihano rutura mu buzima bw’inyuma yo gupfa.