Ntimukisubireko rero kw’isezerano mwahanye, ngo mube nk’umugore ari aho yajisha hanyuma yamara guheza, agaca ajishura ivyo yajishe; aho mugira indahiro zanyu mwarahiye hagati yanyu uruhendo, maze mukisubirako ku vyo mwasezeranye, mu gihe mubonye ko inyungu n’akamaro kanini kari mw’isezerano rindi mwogiranira n’abandi bantu. Ni ukuri Imana Allah, Irabagerageza kw’ibwirizwa ryo kwubahiriza amasezerano no kutisubirako mu ndahiro. Ni ukuri, Izobamenyesha ku musi w’izuka ukuri ku vyo mwahora muhazanako mw’idini no mu mabwirizwa yayo.