Enda nyabuna rero, ba mwubahiriza isezerano ry’Imana Allah iyo hagize ico mwiyemeza kuri Yo, canke ku bantu mu gihe kidaciye kubiri n’amabwirizwa yayo; kandi ntimukisubireko mu ndahiro inyuma yo kuzishimangira, maze mukagira n'Imana Allah Umuhagarikizi wanyu igihe musezerana. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi ivyo mukora, Izonabibahembera.