Ni na Yo Yabaremeye ibahari kugira murye ifi murovyemwo zifise inyama yoroshe, mwongere mucukure muri nya bahari ibikoresho muhinguramwo ibisharizo mwambara1. Muzobona n’ubwato amahanga bubunguruza bugendera ku mazi muri nya bahari, kugira murondere icobabeshaho mu ruja n’uruza rw’urudandazwa ruca muri yo; ivyo vyose rero, Imana Allah Ikaba Yabibaremeye kugira muyishimire ku nema zayo, muheze muyisenge ari Imwe Rudende mutayibangikanya.