Hakoreshejwe nya mazi y’imvura nyene, Imana Allah Iraheza Ikabamereshereza n’ibiterwa bitandukanye, imizayituni, itende n’imizabibu; hamwe rero n’ivyamwa n’imboga vy’ubwoko bwose. Muri iryo meresha ry’ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo icemezo kigaragara cotuma abantu biyumvira, bikebuka bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.