Izo ndyarya, ni zo zibwira ababa i Madina n'ishari n'akantu ziti: “Ntihagire ico muha abakene b’abimukira mu ngendanyi z’Intumwa y’Imana Muhamadi kugeza aho bicwa n’inzara bagata bakomoka”. Burya ibigega vy'ibibeshaho ibiremwa: ibiri mw’ijuru n’ibiri kw’isi vyose, ni ivy’Imana Allah; Iha uwo Ishatse, Ikima uwo Ishatse, ariko indyarya ntizizi ko Imana Allah ari Yo Muhanyiwavyose.