Ntumwa y'Imana! Iyo indyarya zibwiwe ziti: “Enda nyabuna rero, nimuze ku Ntumwa y’Imana musabe ikigongwe, maze na yo ibasabire imbabazi ku Mana Allah”, zica zirabira hirya zizungagiza umutwe n’ubwishime n’akantu, ukazibona zikwirengagiza zinasuzugura ko wozisabira;