Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimuzogire abantu bashavuriwe n’Imana Allah, ba somambike, na kare baramaze kwihebura ko ata neza baziga mu buzima bw’inyuma yo gupfa; nk’uko abagarariji bihebuye ko abantu babo bari mu mva batazozuka, kuko batemera izuka ry’ibiremwa.