Mu bantu ba Huudi, indongozi z’abamugararije bakanahakana bivuye inyuma n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa, zikaba zatewe amanyama n’uko Twazihaye ukworoherwa mu buzima bwo kw’isi, zavuze ziti: “Burya Huudi, abararikira kwemera Imana Imwe Rudende, si ikindi kiretse ko ari umuntu nkamwe; afungura ku vyo na mwe mufungura, akanywa ku vyo na mwe munywa;