Imana Allah ntiyigeze Iziririza ikoreshwa ry’igitungwa caciwe ugutwi kikagenerwa ibigirwamana; igitungwa catanzwe ikimazi ku bigirwamana, igitungwa kivyaye inyana cikurikiranya, n’impfizi y’ingamiya yimije incuro cumi1, ariko ababangikanyamana bomekereye ivyo vyose ku Mana Allah bayibeshera, kandi abenshi muri bo ntibatandukanya ukuri n’ikinyoma.