Ubutigu bugeze rero, ni ho nya murima waterwa n’ivyago, maze ivyamwa birahona, wa mugarariji asigara akunkumura ibiganza vyiwe (yipfumbereje) n’ishavu n’akantu, yicuza ku gahombo k’umutahe yakoresheje, nya murima ucika akayazwe. Ni ho wa mugarariji yavuga yishwe n’agahinda n'akantu ati: “Ese iyo menya ubushobozi n'ububasha vy’Imana yanje Rurema Allah, ngaheza ngashima inema zayo, nkareka no kuyibangikanya n’ikintu na kimwe!”.