Ivyo bihano rero, ni yo ndishi y’ababangikanyamana, ku kuntu bagararije Aayah n'ivyemezo vyacu Twebwe Allah, bakanavuga bahakana bivuye inyuma izuka ry’ibiremwa, bati: “Mbega nitwapfa tugacika amagufa yabunzwe akabora, ni ivy'ukuri ko tuzozuka duheze dusubizwe kandi ubuzima ku musi w’izuka!”.