Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “N’aho abantu n’amajini bari kwiyunga, bakaja hamwe kugira bazane nk’iyi Qor’ani y’igitangaza, ntibari gupfa bazanye nkayo mu ndimburo no mw’itomora ry’ingingo n’amabwirizwa yayo. N’iyo bari kurarikana hagati yabo kugira bagerageze, nta vyo bari gushobora namba”.