Nayo uwuzoba kuri iyi si, ari impumyi y’igipfamutima mu kutemera Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), no mu buzima bw’inyuma yo gupfa nyene, azoba ari impumyi y’igipfamutima idashobora guca mu nzira igana mu Bwami bw’ijuru, kanatsinda azoba yaranahuvye uguhuba nya guhuba inzira y’uburongozi kw’isi.