Abasohowe mu zabo hatisunzwe ukuri, bakomorwa ata kindi bazira atari uko bavuga bati: “Imana yacu Rurema ni Allah”. Iyo hataba ingingo yashinzwe n’Imana Allah yo kurenganura uwarenganijwe ku neza y’idini, hamwe no kwamirira kure inabi mu kurekurira abemeramana kwivuna umwansi ku rugamba, ukuri kwari kuneshwa, ubwononyi na bwo bukiganza kw’isi, maze amasengero1 n’imisigiti biyagirwamwo kenshi izina ry’Imana Allah, bigasenyurwa. Ni ukuri, Imana Allah Itabara abaharanira idini ryayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa;