Ntumwa y’Imana! Ntiwamenye ko mu vy’ukuri, Imana Allah Yubamirwa n’abamalayika bari mu majuru hamwe n’ibiremwa biri mw’isi, Ikubamirwa n’izuba, ukwezi, inyenyeri, imisozi, ibiti hamwe n’ibindi biremwa bigendagenda kw’isi, Ikubamirwa kandi na benshi mu bemeramana mu bantu! Hari n’abandi benshi mu bantu rero bamaze kwagirwa n’ibihano bisuzuguza. Uwo wese rero azosuzuguzwa n’Imana Allah, ntuzomuronkera n’umwe yomuhesha icubahiro. Mu vy’ukuri Imana Allah, Ikora ivyo Ishatse ku biremwa vyayo ku ntumbero nziza ibifiseko.