Burya mu bantu, harimwo uwinjirana amakenga mu bwislamu, agoyagoya mu kwemera kwiwe, maze agasenga Imana Allah yijijanya imitima nk’uwuhagaze ku nkengera y’imanga ahakwa guhenukirayo, akizera ivyo yemera yisunze amaronko y’ivy’isi. Iyo aroraniwe mu buzima, araheza agashishikara gusenga; iyo naho ageragejwe mu gushikirwa n’amagorwa, aca yisubirako akidodomba ko ata ciza yigeze abona mu kwemera kwiwe. Uyo rero yarahomvye mu buzima bwo kw’isi, kuko ukwidodomba kwiwe ata co guhindura ku vyagezwe kuri we; vyongeye, yarahomvye no mu buzima bwiwe bw’inyuma yo gupfa, kuko azotabwa mu muriro. Ukwo rero, ni kwo guhomba nya guhomba;