Ntumwa y’Imana! Bwira ababa mu micungararo y’i Madina bisibije bagasigara inyuma ntimwajana i Makka umusi wa Al-Hudaybiyya, uti: “Muzorarikirwa kuja kurwana n’inshirwarimenetse, maze murwane na bo canke bishikane; nimwumvira Imana Allah mukaja kurwana na bo, Imana Allah Izobaha impembo nziza y’Ubwami bw’ijuru. Nimwagabitanya mukagenza umugongo naho, nk’uko imbere y’aho mwagenjeje umugongo mu kwisivya mugasigara inyuma, ntimwajana n’Intumwa i Makka umusi wa Al-Hudaybiyya, Imana Allah Izobaha ibihano bibabaza”.