Uko mwireguye ku Ntumwa y’Imana muvuga ko mwafatiriwe n’amatungo hamwe n’imiryango yanyu, si ko biri; ahubwo mwibwiye ko Intumwa y’Imana hamwe n’abemeramana bari kumwe na yo bazohwerera ku rugamba, maze shetani ibaryohereza iciyumviro c’uko batazokwigera bagaruka amahoro mu miryango yabo, muraheza mwiyumvira nabi Imana Allah ko Itazoshobora gutabara Intumwa yayo hamwe n’ingendanyi ngo baneshe abansi babo, mwari n’abantu bakwiye guhona kuko ata ciza kibavamwo.