Aho ni ho rero Adamu yaheza akerekwa n’Imana yiwe Rurema Allah amajambo yokoresha mu kwigaya1, maze araheza arigaya hamwe na Hawa. Gutyo Imana Allah Iramwumvira, Iramubabarira. Mu vy’ukuri, ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.