Ni Yo Yabagiriye isi nk’isaso kugira ngo mushobore kuyibako; Ibubakira n’ijuru nk’igisenge, Imanura n’amazi y’imvura avuye mu bicu azananye mu kirere, Iraheza Imeza hakoreshejwe nya mazi ivyamwa bitandukanye kugira ngo bibe imfungurwa zanyu. Kubera ivyo rero, ntimukabangikanye Imana Allah mu gusenga ibigirwamana, kandi na mwe nyene muzi neza ko ari Yo Rurema, Rutunga.