Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mwarategetswe kwihora ku bishwe n’ibigira nkana, hakicwa uwishe, uwigenga yicwa yishe uwigenga, umugurano yicwa yishe umugurano, n’umukobwa yicwa yishe umukobwa1. Uwuzobabarirwa n’umuhagarikizi w’uwishwe ntiyihore, akemera gushumbushwa, araheza yishuze ku neza mu rupfasoni, na we aheze yishure mu bugwaneza. Ukwo ni ukworoherezwa n’impuhwe bivuye ku Mana yanyu Rurema Allah. Inyuma yo kwubahiriza iyo ngingo yo kubabarirwa, uwuzorengera ku wishe akamwica, uyo azohabwa igihano kibabaza cane co kwicwa no guhanwa mu muriro udahera.