Hanyuma rero, Twarabahindurira nya buzima bw’amagorwa, Tukabaha ubuzima buhimbaye gushika n’aho batunga bagatunganirwa, kugira bikebuke. Ha kwikebuka rero, bararendegeye barinamura bavuga bati: “Ivy’isi, ni uko bigenda! Imisi irasa ntingana. Abavyeyi bacu, na bo nyene barashikirwa n’indwara n’amaganya no kuroranirwa mu buzima!”. Muri ico gihe rero, Twaca Tubahana giturumbuka ata vyo bari biteze.