Twebwe Allah, ntitwigeze Dutuma Intumwa n’imwe mu gisagara ico ari co cose, kugira irarikire abantu gusenga Imana Imwe Rudende Allah batayibangikanya, hanyuma bakayihakana, kiretse ko Twabagerageza Tukabatera ubukene n’ivyago, indwara n’amaganya, bakagorwa kugira bagaruke ku kuri, banatakambire n’Imana Allah.