Hari uducimbiri twinshi Twebwe Allah Twahoneje abatubamwo kubera uguhakana no guca kubiri n’Intumwa zacu, baraheza baruhira kumaramara kw’isi n’agasuzuguro mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Muri bo, hari abashikiwe n’ibihano vyacu mu gihe bari baryamye mw’ijoro, hari n’abo vyashikiye mu gihe bari bakitse urubavu baruhutse ku murango1;